Umuganwa William w'Ubwongereza mu Rugendo muri Afurika

Umuganwa William wo mu gihugu c’Ubwongereza ari mu karere ka Afurika muri iyi ndwi kuganira ku bibazo bigeramiye inyamaswa. Urwo rugendo arugize imbere y’ikoraniro mpuzamakungu ryimirije kubera mu gisagara ca Londres ku bucuruzi butemewe n’amategeko bw’inyamaswa.  William yari mu gihugu ca Namibiya ejo ku musi wa kabiri. Bikaba bitegekanijwe ko agendera ibihugu vya Tanzaniya na Kenya.  Ku musi wa mbere yabonanye n’icegera c’umukuru w’igihugu ca Namibiya, Nangolo Mbumba. Urugendo rwiwe rw’indwi mu karere ka Afurika rizorangira ku musi w’Imana. Umuganwa William yagize urwo rugendo nk’umukuru w’amashirahamwe aikingira inyamaswa, “United for Wildlife’”na “Tusk”.  Ubwongereza buzokwakira ikoraniro mpuzamakungu ku bucuruzi bitemewe n’amategeko bw’inyamaswa kw’italiki 11 z’ukwezi kw’icumi.

from Voice of America https://ift.tt/2PZDCoI
via IFTTT

No comments:

Post a Comment