Ntibavuga Rumwe muri ANC ku Kibazo c'Amatongo

Thabo Mbeki yahoze ari umukuru w’igihugu muri Afrika y’epfo ejo kuwa kabiri yaragirije umugambwe ANC uri ku butegetsi ko ugamiije gukuraho amategeko ngenderwako y’igihugu yerekeye kutavangura amoko kugira umugambwe ube uw’abirabure. Ivyo abivuze mu gihe ANC uriko urategura amategeko mashasha yerekeye kugabanganya amatongo. Perezida w’iki gihe Cyril Ramaphosa yashikirije ko ibwirizwa shingiro ry’igihugu rizohindurwa kugira amatongo asubirwemwo gukabanganwa ku birabure ata nshumbusho zirinze gutangwa mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c’ubusumbasumbane kimaze imyaka 24 inyuma ya apartheid. Mbeki yavuze ko umugambwe ANC, warwanije ubutegetsi bw’inkehwa z’abazungu muri Afrika y’epfo, wari wiyemeje guharanira ubwigenge bw’abantu bose, abirabure n’abazungu. Ihinyanyurwa ry’amategeko yerekeye amatongo rwabaye urugamba rukomeye rwa politike mu gihe Afrika y’epfo yimirije amatora mu mwaka uza, aho Ramaphosa ariko agerageza uburyo yoronka amajwi menshi muri ayo matora.

from Voice of America https://ift.tt/2OfM7yM
via IFTTT

No comments:

Post a Comment