Tsunami na Nyamugigima Vyahitanye 384 muri Indoneziya

Abantu bagera ku 384 ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanywe na tsunami yatewe na nyamugigima ku mugoroba w’uno wa gatanu muri Indoneziya. Ikigo kijejwe gukinga impanuka n’ivyaduka muri ico gihugu cemeza ko 540 bakomerekejwe n’iyo nyamugigima. Amasanamu yashizwe ahabona avuye mu gisagara ca Palu kiri mu vyakozweko cane n’iyo tsunami yerekana ibiziga bitari bike biri ku nkombe z’ikiyaga, amazu n’ibiraro vyabomaguritse, ibisigarira vy’imiduga yahomberanye, n’iyindi yatwawe n’amazi. Umuvugizi w’ikigo kijejwe gutabara muri Indoneziya, Sutopo Purwo Nugroho, yabwiye itororokanirizo ry’ amakuru y’Abafaransa, AFP, ko ibikorwa vyo gutabara no kurondera abahitanywe n’iyo tsunami batarashobora kuvanwa munsi y’ibihomoke vyatanguye. Yamara, ngo ni igikorwa kitoroshe kuko umuyangankuba wacitse, ibitaro bitari bike birasenyuka, ibitasenyutse navyo bikaba biriko birarengerwa n’ubwinshi bw’abantu. Nyamugigima y’uno wa gatanu yari ifise umuvuduko ungana na magnitude 7,5. Si ubwa mbere Indoneziya ihekurwa n’ibiza vya tsunami na nyamugigima: mu 2004, abagera ku 168.000 ni bo bahitanywe n’iyari ifise umuvuduko wa magnitude9,1.     

from Voice of America https://ift.tt/2Qhf2jC
via IFTTT

No comments:

Post a Comment