Abimukira Barenga 600 Baratabawe ku Nkengera za Espanye

Abimukira 675, barimwo abana hamwe n’inzoya, baratabawe bari mu bwato ku nkengera za Espanye mu mpera z’indwi iheze, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi wa reta avyiganiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP. Ni mu gihe Espanye cabaye urwinjiriro rw’abimukira binjira mu mpisho ku mugabane wa Buraya, inyuma y’aho Ubutaliyano bwugariye imbibe zabwo, kw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, Matteo Salvini. Abimukira barenga ibihumbi 40 nibo binjiye muri Espanye kuva mu ntango z’umwaka, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM. Abandi barenga 1,700 barabuzwe irengero.

from Voice of America https://ift.tt/2Re6co0
via IFTTT

No comments:

Post a Comment