Somaliya Yongeye Kwizigirwa n'Ibanki y'Isi

Reta ya Somaliya ishikiriza ko ibanki nkuru y’isi igiye kuyironsa amafaranga kandi ari ikimenyetso c’uko indongozi zaco zitanguye kwizigirwa n’amakungu, inyuma y’imyaka itari mike carasinzikaye kandi kirangwamwo kurya ibiturire ku rugero rwo hejuru. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta, Abdirahman Duale Beileh. Ibanki nkuru y’isi yatangaje kuwa kabiri ko izoha reta ya Somaliya imiliyoni 80 z’amadolari y’imfashanyo, amafaranga ya mbere iyo banki izoba ihaye ico gihugu haraheze imyaka 27. Mu mwaka w’1991, ibanki y’isi yose niho yahagarika imigenderanire na Somaliya, inyuma y’aho reta ya Mohamed Siad Barre iviriyeho haca hatangura intambara ndende hagati y’abavukagihugu.

from Voice of America https://ift.tt/2DAm6Gq
via IFTTT

No comments:

Post a Comment