Abahinga ba ONU Bongewe Ikiringo co Gutohoza ku Burundi

Akanama ka ONU kajejwe ivy'agateka ka zina muntu kuri uno wa gatanu kafashe ingingo yo kongera ikiringo c’umwaka umwe abahinga ba ONU bajejwe gukora amatohoza ku bwicanyi bwakozwe mu Burundi kuva mu 2015. Ku bihugu bigize ako kanama, 23 nivyo vyemeje iyo ngingo, 7 birayihakana, 17 ntaco babivuzeko. ​Naho Reta y'Uburundi ataco iravuga kuri iyo ngingo, mu ntango z’ukwezi kwa cenda, igihe uwo murwi washira ahabona icegeranyo cagiriza ku ncuro ya mbere perezida Pierre Nkurunziza n’umugambwe uri ku butegetsi gukoresha amajambo acanishamwo, umushikiranganji ajejwe ivy’agateka ka zina muntu, Martin Nivyabandi, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko icegeranyo c’uwo murwi ata gaciro Reta igiha. Inyuma y’ico cegeranyo, Reta y’Uburundi yandikiye abo bahinga ibamenyesha ko ata burenganzira bwo kongera guhonyoza ikirenge mu Burundi bafise.  

from Voice of America https://ift.tt/2xW9Gm8
via IFTTT

No comments:

Post a Comment