Pompeo: USA Izotsinda Intambara y'Urudandaza n'Ubushinwa

Reta zunze ubumwe z’Amerika ziremeza ko zizotsinda intambara yose n’igihugu c’Ubushinwa ifatiye ku rudandazwa. Ivyo vyashikirijwe ejo kuw’Imana na Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Mike Pompeo. Ni mu gihe kur’uyu wa mbere ariho ayandi matagisi mashasha Reta ya Trump yongereje ku bidandazwa vy’Ubushinwa vyinjira muri Amerika atangura gushirwa mu ngiro. Pompeo yatangaje ko ivyo ari mu ntumbero yo kunaniza Ubushinwa bwitwara nk’igihugu gitunze kw’isi kandi ciba ubumenyi muri Reta zunze bumwe z’Amerika. Reta ya Trump isigura ko kwongereza amatagisi ku bidandazwa vy’Ubushinwa bizotuma ico gihugu gihindura ingendo kigakorana neza na Amerika. Amerika ivuga ko yasavye Ubushinwa gukingira ubumenyi n’ubuhinga bw’Amerika, harimwo guhebana n’ingeso yo kwiba ubuhinga bacishije mu vyuma ngurukana bumenyi. Mu ndwi iheze, Amerika yafashe ingingo yo kuzotangisha amatagisi angana ku miriyaridi 200 z’amadolari ku bidandazwa vyinjira bivuye mu Bushinwa, ingingo itegekanijwe kuja mu ngiro kuri uyu wa mbere. Ubushinwa nabwo bwaciye buvuga ko bwongereje imiriyaridi 60 z’amadolari ku rundi rutonde rw’ibidandazwa Amerika yinjiza mu gihugu cabo.

from Voice of America https://ift.tt/2pylwPK
via IFTTT

No comments:

Post a Comment