OMS: Ebola Ishobora Gusubira Kwaduka muri Kongo

Igisata ca OMS kijejwe gukinga ingwara z'ivyaduka n'izisaba kwitabwaho bidatevye kigabisha ko ikiza ca Ebola gishobora gusubira gushinga imizi muri Kongo.  Muganga Peter Salama ajejwe ico gisata muri iryo shami  rya ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS, asigura ko umutekano muke, abanyagihugu batemera ko bacandagwa n'abanyepolitike batera ubwoba abanyagihugu ku vyerekeye incanco ari muri bimwe bishobora gutuma Ebola yongera gutera Kongo.  OMS naho ishima intambwe igezeko mu kurwanya Ebola  mu buseruko bw’intara ya Kivu yo mu buraruko, yemeza ko izo ntambamyi co kimwe n'ibihe vy'amatora vyimirije bishobora kuyiciramwo.  Ibiharuro vya nyuma vyatangajwe n'abajejwe amagara y'abanyu muri ico gihugu vyemeza ko ico  kiza aho giheruka cahitanye abagera kw' i 100 muri 150 bari bacanduye.   

from Voice of America https://ift.tt/2OcsRSQ
via IFTTT

No comments:

Post a Comment