Amatohoza y'Icateye Insanganya y'Ubwato MV Nyerere Yatanguye

Reta ya  Tanzaniya yatanguje uno musi ku wa mbere itohoza ku catumye ubwato butwara abantu MV Nyerere bugira impanuka mu ndwi iheze mu kiyaga Victoria. Iyo mpanuka yahitanye abantu 227 igihe ubwo bwato bwibira. Reta ya Tanzaniya iriko kandi irondera gukora ubwato bunini kurushiriza. Igice ca mbere c’itohoza casanze igitigiri c’abantu c’umurengera ariyo mpamvu yatumye ubwato MV Nyerere bwibira ku musi wa kane w’indwi iheze. Ubwo bwato bwari butwaye abantu 260, mu gihe bwari bugenewe gutwara abantu 101. Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Tanzaniya, Kassim Majaliwa, yatangaje ko icegeranyo c’itohoza ku vyabaye cotegerezwa gushikirizwa Reta mu misi 30. Umurwi ujejwe itohoza uyobowe n’uwahoze ari umutegetsi mukuru w’igisirikare, General George Waitara. Igitigiri c’abasize ubuzima mu mpanuka y’ubwato MV Nyerere cageze ku bantu 227. Umushikiranganji wa mbere, Kasssim Majalaiwa avuga ko ibindi biziga bishobora kuba biri muri ubwo bwato bwazamye. Amenyesha ko abantu 41 bashoboye gutabarwa. Reta ya Tanzaniya ifise kandi imigambi y’ukwubaka ubundi bwato bushasha bunini kurushiriza. Ubwo bwato buzoshobora gutwara itoni 50 n’abantu 200.

from Voice of America https://ift.tt/2ORfRzn
via IFTTT

No comments:

Post a Comment