Amakungu Yiyemeje Gukinga Amapfa kw'Isi

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ibanki nkuru y’isi yose hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare Croix Rouge bariko barakorana n’amashirahamwe yo muri Reta zunze ubumwe z'Amerika akomeye muvya teknolojiya mu ntumbero yo gukinga ibiza vy’inzara bishobora gutera ibice bimwe bimwe vy’isi. Umukuru w’ibanki nkuru y’isi, Jim Young Kim ashikiriza ko kubona imiriyoni z’abantu, bagwiriyemwo abana babangamiwe no gufungura nabi mur’iki kinjana ca 21 ari ibintu bibabaje cane. Urwo runani rw’amashirahamwe mpuzamakungu akomeye mu butunzi rugiye gushiraho uburyo bwo gukora amatohoza y’uturere  tubangamiwe n’inzara kuruta utundi kw’isi. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ibanki nkuru y’isi bamenyesha ko abantu bashika ku miriyoni 124 kw’isi babangamiwe no kubura ibifungurwa uyu musi.

from Voice of America https://ift.tt/2xBnVgK
via IFTTT

No comments:

Post a Comment