Abahitanywe n'Impanuka y'Ubwato muri Tanzaniya Bageze ku 207

Ubushikiranganji bujejwe gutwara abantu n’ibintu muri Tanzaniya bwatangaje kuri uno wa gatandatu ko abaguye mw’insanganya ry’ubwato, MV Nyerere, bageze ku 207. Umukuru w’igisirikare ca Tanzaniya generali Venance Mabeyo yabwiye tereviziyo y’igihugu ko, Alphonce Charahani, umwe mu bakozi b’ubwo bwato bwibiye ku wa kane mu kiyaga Victoria  yarokowe mu gatondo k’uno wa gatandatu agikomeye. Naho icatumye iryo nsanganya kitaremezwa, amakuru atangwa n’abarokotse co kimwe n’ababonye abari binjiye muri bwo imbere y’uko buhaguruka, yemeza ko bwoba bwibiye bivanye n’ubwinshi bw’abari baburimwo.  Urundi ruhande rusigura ko ari insanganya yoba yatewe n’umudereva yasamaye kw'iterefone  arahusha, aza kubugarura amazi yamaze kurenga inkombe. Ubwato MV Nyerere ubundi ntibwabwirizwa kurenza ingenzi 101. Yamara,  ababibonye bemeza ko abari muri bwo barenga 240. Hambavu y’abagera ku 207 bimaze kumenyekana ko baguye muri iryo nsanganya, ibitigiri bitangwa n’abategetsi vyemeza ko abagera kuri 48 barimwo uwarokowe uno munsi ari bo barusimvye. Ubwato MV Nyerere bwibiye ku munsi wa kane  buriko butahukana abanyagihugu bo mu karere kitwa Ukara, bari biriwe gusumira no kurema isoko ahitwa Bugolora. Perezida wa Tanzaniya,John Magufuli, yategetse ko hatanguzwa amatohoza y’icatumye ubwo bwato bwibira, aboba barabigizemwo uruhara bagahanwa. Umwungere wa Elkeziya katolika papa Francis co kimwe n’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres bari mu bategetsi b’isi batandukanye bahojeje imiryango yabuze

from Voice of America https://ift.tt/2PZx1ec
via IFTTT

No comments:

Post a Comment