ONU: Trump Yiyamye Irani ko Iteza Imirwano

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Donald Trump, avuga ko abategetsi b’igihugu ca Irani bategerezwa guhindura inyifato yabo imbere yuko haba ibiganiro. Yamara yatangaje ko yiteguriye kugirana imigenderanzire myiza na Irani muri kazoza. Ivyo Perezida Trump yabitangarije abamenyeshamakuru gatoyi imbere yuko ashikiriza ijambo abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi mu nama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Inyuma y'uko agabishije mu mwaka uheze muri urwo rwego kuzimanganya Koreya ya ruguru, abantu benshi bari biteze kwumva ubutumwa ashobora kuzana muri uyu mwaka mu nama nkuru ya ONU. Kuva ateranye amajambo akarishe n’umutegetsi wkizigenza wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze, icuka kibi hagati y’abo bategetsi carabanutse bikomeye. Abo bategetsi bompi barahuye kugira baganire ivy’uko Koreya ya ruguru yokuraho ibirwanisho yuhonyanganda vyayo. Muri uyu mwaka, yamara, Perezida Trump yashimikiye ku gihugu ca Irani. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo, yatangaje ko Reta ya Prezida Trump iriko ikora kugira itume Irani yigenza nk’igihugu kigendera ku matageko, kandi ihagarika kuba igihugu kiri kw’isonga ry’ibihugu bihugu mu gushigikira iterabwoba mu makungu. Ambasaderi w'Amerika mw’ishirahamwe ONU, Nikki Haley yarifatiye mu gahanga incuro zitari nke bategetsi ba Irani ku ruhara rwabo rw’uguhungabanya umutekano muri Siriya na Yemen, hamwe n’ugushigikira imirwi y’intagondwa ya Hamas na Hezbollah.        

from Voice of America https://ift.tt/2ztaDo8
via IFTTT

No comments:

Post a Comment