Nijeriya: Perezida Buhari Kandida mu Matora y'Umukuru w'Igihugu

Umugambwe uri ku butegetsi muri Nijeriya waragenye Perezida Muhammadu Buhari kuwuserukira nk’umukandida azosubira kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa kabiri umwaka w'2019. Ni mu matora y’ibanze yabaye ku musi wa gatanu, aho ata wundi mukandida w’umugambwe All Progressives Congress uri ku butegetsi yariko arahiganwa nawe. Abakuru b’imigambwe 39 yemewe n’amategeko, harimwo uwukomeye, People's Democratic Party (PDP), barateye umukono ku masezerano yo kwunga urunani rwo guhangana na Buhari mur’ayo matora yo mu kwezi kwa kabiri. Iyo migambwe yashikirije ko ishobora gutanga umukandida umwe ku bibanza vyose, no mu nzego zose z'igihugu gushika kurw’umukuru w’igihugu. Buhari, w’imyaka 75, yashitse ku butegetsi muri 2015, yari yashikirije abakuru b’umugambwe wiwe ko arondera kwitoza ikindi kiringo c’imyaka ine muri ayo matora naho akuze mu myaka kandi akitswe n’amagara.

from Voice of America https://ift.tt/2DJTDhl
via IFTTT

No comments:

Post a Comment