RDC: Abatavuga Rumwe na Reta Bazotanga Kandida Umwe mu Matora

Imigambwe ikomeye itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo yatangaje ko vuba yiteguriye gutanga umukandida umwe rudende azoyiserukira mu matora y’umukuru w’igihugu. Ayo ategekanijwe itariki ya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri uno mwaka. Indongozi z’iyo migambwe zabivugiye mu myiyerekano yabereye mu mabarabara atandukanye y’umurwa mukuru Kinshasa kuri uno wa gatandatu. Félix Tshisekedi na Vital Kamerhe bari mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bemejwe na sentare ntahinyuzwa ko bakwije ivya ngombwa vyo kwiyamamaza muri ayo matora, mu majambo bashikirije abanywanyi babo bongeye kuvuga ko batizeye amamashini azokoreshwa muri ayo matora. Bamenyesheje ko bazobandanya gusaba ko ahindurwa hadahinduwe itariki yo gutora. Jean-Pierre Bemba na Moise Katumbi, batemerewe kwitoza bavugira ku buhinga bwa none, bashikirije ijambo abari muri iyo myiyerekano, aho bavuze ko bashigikiye iciyumviro co guserukirwa n’umukandida  umwe rudende. Umuyobozi w’umugambwe, UDPS, Félix Tshisekedi, yari mu bari batunganije iyo myiyekano yasozerewe n’ikoraniro rukokoma, yabwiye abamenyeshamakuru ko ubwinshi bw’ababitabiriye bwerekanye ko bashigikiwe. Abapolisi baharurwa mu majana ni bo bari bacungereye amabarabara yabereyemwo iyo myiyerekano n’inama n’inama nshingamateka.          

from Voice of America https://ift.tt/2OfKQrN
via IFTTT

No comments:

Post a Comment