Papa Aremeza ko Katolika Iriko Iratakaza Abayoboke

Papa Fransisiko yemeye ko guhishira ivyaha bishingiye ku gitsina bibera muri Ekleziya Katolika biriko biratuma abantu bava muri yo. Yabivugiye imbere y’urwaruka ruharurwa mu majana rwari rukoraniye ku murwa mukuru Tallinn wa Estonia ejo kuwa kabiri. Yabivuze mu gihe hariko harindiriwe gusohorwa raporo idonda ivyaha vyakozwe imyaka n’iyindi n’abapadiri mu Budagi. Iyo raporo yateguwe n’inama y’abepiskopi Katolika mu Budagi yerekeye ivyaha vyakozwe n’abapadiri katolika mu myaka 70 gushika muri 2014. Abantu 3,677 nibo batohojwe ko basambanijwe. Ariko ngo ivyo bitigiri birashobora kuba birenga ko hari ivyanyegejwe. Papa yatumyeko abepiskopi bo kw’isi yose mu nama yo mu kwezi kwa kabiri i Vaticano kuganira kur’ico kibazo. Ni mu gihe hari abantu bamwe bariko barasaba ko amategeko abuza abapadiri kurongora akurwaho, ikibazo gishobora gucanishamwo Ekleziya.  

from Voice of America https://ift.tt/2xPSf6G
via IFTTT

No comments:

Post a Comment