Ni Bande Bagirizwa Igitero co kuwa Gatandatu muri Irani?

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu uremeza ko ariwo wakoze igitero c'iterabwoba ku musi wa gatandatu ku basirikare ba Irani bari muri defile mu gisagara ca Ahvaz co mu bumanuko, ariko abategetsi ba Irani bo babandanya begeka igihugu ca Arabiya Sawudite na Reta zunze ubumwe z’Amerika kuba aribo bagikoze. Amasanamu ya videwo yasohowe ejo kuwa mbere n’ikinyamakuru c’umuhari wa reta ya kiyisilamu yerekanye abantu batatu batwaye imodoka bakoma akaruru bigamba ko bishe abahakanyi muri Irani. Uwo muhari uvuga ko abo bantu batatu bari muri iyo videwo ari bo bagavye ico gitero mur’ico gisagara ca Ahvaz, bica abashika kuri 25 bakomeretsa abashika kuri 65. Ico gitero cari gitumbereye abasirikare bari muri defile, aho bibuka buri mwaka intambara yabaye hagati ya Irani na Iraki mu myaka y’1980 n’1988.

from Voice of America https://ift.tt/2OSrTbL
via IFTTT

No comments:

Post a Comment