ONU: Indwara y'igituntu Ntiyitaweho uko Bikwiye n'Amakungu

Indwara y’igituntu cabaye ikiza cirengagijwe n'amakungu mu kutaronswa amafaranga akwiye. Ivyo ni ivyavugiwe mu nama yo ku rwego rwo hejuru kur’iyo ndwara mu nama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i New York ejo kuwa kane. Amina Mohammad, icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU, yavuze ko iyo ndwara iva ahanini ku bukene, guhunga hamwe n’intambara, kandi ko hakenewe imiriyaridi 13 z’amadolari kugira ishobore kurwanywa. Mu mwaka uheze, igituntu cahitanye abantu benshi kurusha abahitanwa n’izindi ndwara, abarenga umuriyoni n’ibice bitatu bagizwe n’abagabo, abagore n’abana. Ishirahamwe mpuzamakungu ryika ku magara y’abantu OMS rigereranya ko abantu imiliyoni 10 bandura igituntu buri mwaka baba mu bihugu bikenye bitagira amavuriro akwiye.

from Voice of America https://ift.tt/2xWWVaX
via IFTTT

No comments:

Post a Comment