Abantu 200 Bamaze Gutwagwa N’imvura muri Nijeriya

Abategetsi muri Nijeriya batangaza ko igitigiri c’abitavye Imana mu mvura y’isegenya imaze indwi zitari nke igwa kimaze kugera ku majana abiri.   Kuri uno musi wa kane, ibiro vya reta ya Nijeriya bijejwe gutabara mu bihe bidasanzwe nivyo vyamenyesheje ko igitigiri c’abitavye Imana caduze, kiva ku bantu ijana bari baratangajwe kija kuri majana abiri. Bamenyesha kandi ko abantu barenga igihumbi bahakomerekeye kandi ko abashika ku bihumbi 800 bahungabanijwe ubuzima bwabo.   Reta ya Nijeriya imaze gutanza ko igihugu kiri mu bihe bidasanzawe vy’ivyaduka kubera iyo mvura y’umurengera.   Icaduka nk’ico cari giheruka kuba mu mwaka wi 2012, gitesha ingo abantu barenga imiriyoni zibiri n’igice kimwe. Ibiro vya reta bijejwe amazi n’umuyaga, hamwe n’ibiro bijejwe ibirere bavuga ko biteze ko urugero rw’amazi mu nzunzi muri ico gihugu ruduga muri iki gihe.

from Voice of America https://ift.tt/2OYUZGs
via IFTTT

No comments:

Post a Comment