Abishwe na Nyamugigima muri Indoneziya Bageze ku 832

Ibitigiri vy’abishwe na nyamugigima yakurikiranye n’igihuhusi kivanze n’imvura nyinshi muri Indoneziya vyariyongereye bishika ku bantu 832, hamwe n’abandi 540 bakomeretse, nkuko amakuru atangwa n’abategetsi muri Indoneziya abivuga. Abategetsi bavuze ko biteze ko ibitigiri vy’abapfuye vyiyongera kuruta. Perezida wa Indoneziya Joko Widodo yaragendeye ejo kuw’Imana  igisagara ca Palu, kimwe mu bice vyabangamiwe kurusha ibindi kugira yirabire ivyasambutse. Abategetsi bavuze ku musi wa gatandatu ko abantu baharurwa mu majana bari ku nkengera z'ikiyaga mu gisagara ca Palu kwinezereza igihe ivyo nyamugigima n'igihuhusi vyasangangura ico gisagara vyica benshi muri bo.  Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Jakarta, Frans Padak Demon, yari mur'ico gisagara igihe vyaba, we agereranya ko ibihumbi vy'abantu arivyo vyari kur'ico kiyaga mu birori vyo kwibuka imyaka iheze ico gisagara ca Palu gishinzwe.

from Voice of America https://ift.tt/2DG5op6
via IFTTT

No comments:

Post a Comment