Abashaka Kugaba Ibitero vy'Iterabwoba mu Buholande Bafashwe

Igiporisi c’Ubuholande cashikirije ejo kuwa kane ko cahagaritse abagabo ndwi bagirizwa kuba bariko barategura igitero gikomeye c’iterabwoba muri ico gihugu. Igiporisi cavuze ko abo bagabo bafatiwe mu bisagara vya Arnhem na Weert kandi ko ari inyuma y’amatohoza yamaze amezi menshi, ku makuru bahawe yuko abo bagabo bariko barategura igitero ahantu hari kuzoba hakoraniye abantu benshi kugira bice benshi. Abategetsi bavuga ko amatohoza akibandanya kugira bamenye neza ibibanza vyari guterwa.

from Voice of America https://ift.tt/2zBlgVH
via IFTTT

No comments:

Post a Comment