Trump: Ibitigiri vy'Abahitanwa n'Ibiyayuramutwe Vyariyongeye

Mu kwugurura ibikorwa vy’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bizomara indwi mu gisagara ca New York, perezida wa Amerika Donald Trump,  yavuze ko  igitigiri c’abantu bahitanywe n'ibiyayura mutwe ciyongeye  ibice 60 kw’ijana mu myaka 15 iheze. Trump avuga ko icegeranyo co mu mwaka w’i 2018 cerekanye ko umwimbu w’ibiyayuramutwe vya cocaine na opium wiyongeye cane mu makungu. Perezida wa Amerika yahamagariye  amakungu  gukorera hamwe mu ntumbero yo kugabanya umwimbu w’ibiyayuramutwe n’ababikoresha. umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yashimiye Trump ku majambo yiwe ahimiriza guhagurukira ikibazo c'ibiyayuramutwe.  

from Voice of America https://ift.tt/2NDhBiU
via IFTTT

No comments:

Post a Comment