Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed ejo kuwa gatatu yaragendeye Eritrea, urugendo rwa mbere agize mur’ico gihugu kibanyi co mw’ihembe rya Afrika kuva mu kwezi kw’indwi aho harangira icuka c’intambara cari kimaze imyaka 20 hagati y’ivyo bihugu. Urwo rugendo rw’imisi ibiri arukoze ariko aratahuka ava mu Bushinwa mu nama yahuje abakuru b’ibihugu vy’Afrika n’Ubushinwa i Beijing. Etiyopiya na Eritrea vyariginye ubucuti bwari bwaratosekaye ico kiringo cose, inyuma yaho Etiyopiya yemereye guheba ubutaka bapfuye kuva mu myaka y’1990. Mwomenya ko Etiyopiya itegekanya kwongera kwugurura ambasade yayo i Asmara ku musi wa kane.
from Voice of America https://ift.tt/2Q8wO99
via IFTTT
No comments:
Post a Comment