Korea yo mu Buraruko Irinuba Igabisha rya Prezida Donald Trump

Korea yo mu buraruko irinuba igabisha rya prezida wa Amerika Donald Trump rivuga kw’azogira igitero ca gisirikare kuri Korea yo muburaruko, niyabandanya gusomborotsa reta zunze ubumwe za Amerika. Ku musi wa kabiri, Trump yaratanganje cane abamushigkiye n’abatavuga rumwe nawe muri Amerika no mumakungu aho yarahira yuko azotera Korea yo muburaruko n’umuriro w’akataraboneka. Iyo mvugo yari isanzwe imenyerewe kuvugwa na reta ya Pyongyang. Kuri uno musi wa kane General Kim Rak Gyom, umuComanda mu gisirikare ca Korea yo mu buraruko ajejwe ibigwanisho ruhonyangada, yabwiye ikinyamakuru ca reta KCNA y’uko ibiganiro rezida Trump bidashoboka. Gyom avuga ko Trump ar’ umuntu atiyumvira neza kandi kw’ ikintu conyene cokora kuri we gisaba inguvu. General Gyom yongeye abwira KCNA kw’ abategetsi b’igisirikare ko hagati mur’uku kwezi kw’umunani bazoba baheraheje umugambi wo gutera izinga rya Amerika rya Guam riri mu burengero mw’inyaja ya Pacifique. Iryo zinga rifise ikambi y’abasirkare bagwanira mu kirere n’ibiro vy’abasirikare bagwanira mu mazi. Ivyo bitero Gyom avuga ko vyokorwa n’ama missile arasira hafi yitwa Hwasong-12.  

from Voice of America http://ift.tt/2vSz7q8
via IFTTT

No comments:

Post a Comment