Abimukira Barenga 500 Barokowe muri Libiya

Abasirikare ba Libiya bacungera inkengera z’amazi bararokoye abimukira 542 barimwo abagore n’abana bariko bagerageza kuja k'umugabane wa Bulayi baciye mw’ibahari, ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’abasirikare bakorera mu mazi ba Libiya, jenerali Ayoub Kacem. Ivyo bikorwa vyabaye ku misi ya mbere n’uwa kabiri ku nkengera z’ibahari ahakunda guca ubwato butwaye abimukira bagana m’Ubutaliyano. Igikorwa ca mbere catumye abantu 88 barokorwa, barimwo abagore 7 n’abana 6 ku nkengera z’igisagara ca Sabratah, nkuko jenerali Kacem avuga. Abandi, 164 bamuka mu bihugu vy’Abarabu na Afrika, barimwo Abanyemisiri 19 Abanyamaroke 6 n’Abanyatiniziya 2 barokowe m’uburaruko bwa Sabratah, ku birometero 70 mu burengero bwa Tripoli. Ubugira gatatu, abimukira 290 bava muri Afrika barokorewe m’uburaruko bwa Sidi Bilal, igisagara gito kiri m’uburengero bwa Tripoli.

from Voice of America http://ift.tt/2wSp3Og
via IFTTT

No comments:

Post a Comment