Ubushinwa Bushigikiye Ibiganiro Ku Kibazo ca Koreya ya Ruguru

Inyuma y'aho ONU ineguye vyihuta imyimenyerezo ya gisirikare y’ibigendajuru vya misile yaciye hejuru y’igihugu c’Ubuyapani, abatari bake babandanya gusaba ko haba ukuremera kudasanzwe n’ukwongereza ibihano kuri reta ya Koreya ya ruguru. Yamara, ababikurikiranira hafi iki kibazo, babona ata kamaro ukwo kuremera kuzogira.  Aho ni mugihe Koreya ya ruguru ibandanya kugira agasomborotso kenshi kandi iheruka gufatirwa ibihano bikomeye. Mu rwandiko rwasohowe n’inama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi kur'uyu wa  kabiri, bavuze kw’ivyo Koreya ya ruguru yakoze vyabaye ibikorwa bigayitse ariko ntibavuga n’iba hari umugambi wo gufatira iyo reta ibindi bihano.   Reta zunze ubumwe z'Amerika ivuga ko bariko bariyumvira ingingo iyariyo yose bafata kuri ico kibazo. Yamara, Ubushinwa igihugu gicuditse bikomeye na Koreya ya ruguru, kibona kw’icokorwa ari kugaruka mu biganiro hagati ya Koreya ya ruguru n’amakungu naho bimaze igihe kire kire vyaradindiye. Ubushinwa busaba kandi ko impande zose zitokora icarico cose cotuma icuka kibi ciyongera.   Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire n’amakungu Wang Yin, kur'uyu wa gatatu, yagabishije igihugu ic'arico cose, kudafata ingingo irwanya Koreya ya ruguru. Ubushinwa buvuga ko vyoba biteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu. 

from Voice of America http://ift.tt/2iJbQky
via IFTTT

No comments:

Post a Comment