Iraki: Reta Yigaruriye Igisagara ca Tal Afar Cose

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Iraki yatangaje kw’abasirikare b’igihugu batsinze umurwi w’intagondwa za Ki Islamu mu gisagara ca Tal Afar hamwe no mu ntara yose ya Nineveh. Haider al- Abadi yavuze kw’umunezero ari wose kuko intsinzi yabonetse mu ntara ya Nineveh, yongera aratangaza kw’iyo ntara mur’iki gihe iri mu minwe y’ingabo z’igihugu. Urunani rw’abasirikare rurongowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, rwasohoye itangazo rikeza ingabo z’igihugu ca Iraki, yamara ruragabisha kw’igikorwa kigoye kitararangira, kuko hashobora kuba hakiri imitego y’amabombe yateragiwe hamwe n’abagwanyi b’uyo murwi w’intagondwa bashobora kuba bacinyegeje. Ibitero vyo gutuza uyo murwi w’intagondwa mu gisagara ca Tal Afar hagati ya Siriya ku birometero 80 vy’uburengero bw’intara ya Mosul uyo murwi wahora ucumbitsemwo, vyatanguye kw’igenekerezo rya 20 ry’uku kwezi kw’umunani.

from Voice of America http://ift.tt/2vHYVBP
via IFTTT

No comments:

Post a Comment