USA: Michael Cohen Aremera ko Yahenze Abashingamateka

Abamenyeshamakuru bajanye na Perezida Donald Trump mu nama ya G20 y’ibihugu bitunze kurusha ibindi kw’isi muri Argentina bavuga ko adatekanye kandi yahungabanye inyuma y’aho uwahoze ari umushingwamanza wiwe, Michael Cohen, yemereye ko yahenze abashingamateka ku mugambi wo kwiteza imbere Trump yari afise yo gukorera mu Burusiya. Cohen yaremeye ko ari mw’ikosa muri sentare i New York ejo kuwa kane mu kuvuga ko yahenze abashingamateka ku gihe ibiganiro n’Uburusiya vyo kwubaka inyubakwa yitiriwe Trump i Moscou vyabereyeko. Umushingwamanza adasanzwe Robert Mueller, ariko aratohoza ko hoba hari isano hagati y’ibikorwa vyo kwiyamamaza kwa Trump n’ibikorwa vy’Uburusiya vyo guhungabanya amatora, ivyatumye Cohen yegekwako ivyaha Trump yaragerageje kwitandukanya na Cohen, n’aho bari bafitaniye ubucuti bw’igihe kirekire. Cohen yabwiye sentare mu kwezi kw’umunani ko Trump yamutegetse imbere y’amatora mu mwaka w’2016 guha igipfukamunwa abagore babiri bavuga ko bari bafise imigenderanire na Trump, ariko ivyo Trump yarabihakanye.

from Voice of America https://ift.tt/2P78nYh
via IFTTT

No comments:

Post a Comment