Uganda Iregwa Kurungika mu Mpisho Ibirwanisho muri Sudani y'Ubumanuko

Raporo nshasha irega Uganda ko ico gihugu carungitse ibirwanisho muri Sudani y’ubumanuko, burenga ku bihano ubumwe bwa Bulaya bwafatiye ico gihugu catabaguwe n’intambara y’abonse rimwe. Iyo raporo yakozwe n’ishirahamwe ryo mu Bwongereza rigira ubushakashatsi ku birwanisho bikoreshwa mu ntambara, ivuga ko reta ya Uganda yaguze ibirwanisho n’amasasu mu bihugu bishika bitatu vya Bulaya arivyo Bulgaria, Romania, na Slovakia mu nyuma birungikirwa igisirikare ca Sudani y’ubumanuko n’imihari irwana ku ruhande rwa reta. Umuvugizi wa reta ya Uganda Ofwono Opondo ntiyashimye kuganira n’Ijwi ry’Amerika kur’ico kibazo. Nawe umuvugizi w’igisirikare ca Sudani y’ubumanuko, Major General Lul Ruai Koang yavuze ko ivyo birwanisho vyaguzwe mu ntumbero yo gukingira reta ibitero vy’abayirwanya. Iyo raporo yasohotse ejo kuwa kane, yerekana kandi ko hari ibirwanisho vyavuye muri Sudani mu mpisho birungikirwa abarwanya ubutegetsi bwa Sudani y’ubumanuko n’indege kuva muri 2014 gushika hagati y’umwaka wa 2015. Iryo shirahamwe vyaritwaye imyaka ine ngo risohora ivyo ryatohoje, mu gihe hagira hehere amezi atatu impande zirwana muri Sudani y’ubumanuko zumvikanye ku masezerano yo guhagarika intambara.  

from Voice of America https://ift.tt/2E5cR0s
via IFTTT

No comments:

Post a Comment