Nyamugigima Yakomerekeje Abarenga 400 muri Irani

Nyamugigima ikomeye y’igipimo ca manyitide 6.3 yarateye intara yo mu burengero bwa Irani ejo kuw’Imana, hakomereka abantu barenga 400, ariko nta woba yapfuye aramenyekana. Iyo nyamugigima yabaye ku mugoroba wo kuw’Imana mu ntara ya Kermanshah, hafi y’urubibe na Iraki. Yarumvikanye kandi no mu bice vya kure nk’i Baghdad ku murwa mukuru wa Iraki. Abategetsi bo mu karere vyabereyemwo babwiye televiziyo ya Irani ko benshi mu bakomeretse bariko barahunga banyaga amagara. Iyo nyamugigima yateye mu ntara yigeze guteramwo mu mwaka uheze, aho yahitanye ubuzima bw’abantu barenga 600 hakomereka ibihumbi.

from Voice of America https://ift.tt/2Kzmkxl
via IFTTT

No comments:

Post a Comment