Uburusiya Bagirizwa Kurasa Ubwato bwa Ukraine

Uburusiya bwararashe ubwato bubiri bwa Ukraine bwongera butembagaza ubugira gatatu mw’ibahari yirabura ejo kuw’Imana, bwagiriza Abanya Ukraine kwinjira mu mazi yabo batabimenyeshejwe. Abategetsi ba Ukraine bavuga ko batandatu bari muri ubwo bwato bakomeretse kandi barahakana ko ata kibi bakoze, bagiriza Uburusiya agasomborotso. Uko gushamirana kwatanguye igihe ubwato bwa Ukraine bukwega ubundi bwari buherekeje ubundi bwato bubiri bw’intambara buva ahitwa Odessa, mw’ibahari yirabura, buciye ahitwa Kerch Strait ku kivuko ca Mariupol, mw’ibahari ya Azov. Perezida wa Ukraine Petro Poroshenko yaciye atumako inama yihutirwa y’abashikiranganji biwe bajejwe ivy’intambara mw’ijoro ryo kuw’Imana. Nawe Nikki Haley, ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri ONU, yashikirije mu butumwa bwa Twitter ko inama y'akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw'isi yatumweko vyihutirwa kuri uyu wa mbere.

from Voice of America https://ift.tt/2FG7hmC
via IFTTT

No comments:

Post a Comment