Amakungu Asaba Uganda Gutohoza Ku Bwicanyi bwo muri 2016

Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’ishirahamwe rya Bulaya biratera akamo abategetsi bo mu gihugu ca Uganda, kabasaba gutohoza ibitero vyakozwe n’abasirikare ku ngoro y’umwami w’intara, mu myaka ibiri iheze. Ivyo bitero vyahitanye ubuzima bw’abasivile 100. Abana bashika 15 bari mu bantu  baguye muri ivyo bitero vyakozwe mu kwezi kwa 11 mu mwaka w’2016, ku ngoma ya Rwenzururu, irongowe n’umwami amaze imyaka itari mike agwanya ubutegetsi bwa Prezida Yoweri Museveni. Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch ribitangaza, risigura ko ubwo bwicanyi bwatanguye inyuma y’aho abapolisi bataniye mu mitwe n’abanyagihugu bari inyuma y’uyo mwami. Mu nyuma, uyo mwami hamwe n’abanyagihugu amajana n’amajana bamushigikiye, baciye bahagarikwa, kandi benshi muri bo, baracari mu munyororo. Reta ya Uganda ivuga ko ivyo bitero vyakozwe ku mirwi y’abagwanyi kandi ko ibirego vy’ubwicanyi biri mu minwe y’ubutungane. Gushika ubu, nta musirikare n’umwe arahagarikwa. Ahubwo umusirikare yari arongoye ivyo bitero, Major General Peter Elwelu, yahavuye ashingwa amabanga akomeye kurusha, yo kurongora ingabo z’igihugu ca Uganda. Reta ya Uganda iriyamiriza ibirego bivuga ko abajejwe umutekano bagandaguye abanyagihugu, kandi irahakana ko hari abana baguye muri ivyo bitero.

from Voice of America https://ift.tt/2ArGTXX
via IFTTT

No comments:

Post a Comment