Sena ya Amerika Ishaka Umuco ku Rupfu rwa Khashoggi

Abasenateri ba Reta zunze ubumwe z’Amerika ejo kuwa kabiri basavye reta ya Trump kubamenyesha ivyo izi vyose kuwatanze kuwategetse mu kwezi guheze kwica umumenyeshamakuru yamuka muri Arabiya Sawudite, yiciwe muri Turukiya. Abashingamateka bo ku mpande zibiri basavye umuyobozi w’ikigo CIA kijejwe iperereza hanze y’igihugu Gina Haspel umubonano wo mu mwiherero kuri uyu wa gatatu hamwe n’abashikiranganji babiri, uw’imigenderanire n’amakungu Mike Pompeo n’uw’ukwivuna abansi, Jim Mattis ngo batange umuco kuvyabaye. Amakuru ashikirizwa n’ibimenyeshamakuru, avuga ko ikigo CIA camenye ko umuhungu w’umwami wa Arabiya sawudite ariwe yategetse iyicwa rya Khashoggi. Arabiya Sawudite carahakanye ivyo birego. Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yavuze ko ivy’urwo rupfu kikiri ikibazo co kwihweza neza. Reta ya Trump yarafatiwe ibihano abanya Arabiya Sawudite 17 bagize uruhara muri urwo rupfu ariko ntiyashoboye guhana Riyad, kuko Trump yavuze ko ashira imbere inyungu z'ubutunzi bufatiye ku birwanisho Amerika igurisha muri ubwo bwami.

from Voice of America https://ift.tt/2E1xCtI
via IFTTT

No comments:

Post a Comment