USA Irashima Intambwe Igezeko mu Kurwanya Iterabwoba muri Afrika

Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuri uyu wa kane catangaje ko ibitero vyaco vy’indege ku murwi w’abagwanyi al-Shabab mu gihugu ca Somaliya, vyabandanije mu ntara  zo mu buraruko, uyo murwi wiganjemwo. Itangazo ryasohowe n’ibiro vya gisirikare vya reta ya Amerika ku mugabane wa Afrika, rivuga kw’ibitero bishasha vy’indege vyishe abagwanyi batandatu, vyongera birasambura umukimba w’ibigwanisho hafi y’igisagara ca Harardere. Mur’uyu mwaka, igisirikare ca Amerika kimaze gukora ibitero vy’indege 35 ku murwi al-Shabab, umaze kwiha inkumbi mu bitero wama wakoze ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya hamwe no mu bindi bisagara. Ibitero vy’indege vyakozwe ku musi wa mbere, vyahitanye ubuzima bw’abagwanyi bo mu murwi al-Shabab 37, mu gihe ibindi bitero vyakozwe ku musi wa kabiri vyishe abantu indwi. Ibitero vyose vy’indege vyakozwe mur’iyi ndwi, vyabereye mu ntara ya Mudug, iri mu buraruko bw’umurwa mukuru Mogadisho hamwe no mu ntara zo mu bumanuko no hagati mu gihugu, umurwi al-Shabab ucumbitsemwo.

from Voice of America https://ift.tt/2R7w1W6
via IFTTT

No comments:

Post a Comment