Amerika Yugaye Urubibe na Mexike

Abategetsi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika barahagaritse uruja n’uruza rw’abantu ku rubibe hagati ya San Diego muri Reta zunze ubumwe z’Amerika na Tijuana, muri Mexike inyuma y’aho abimukira bageragereje kwinjira ku nguvu muri Amerika ejo kuw’Imana. Abagabo barenga 500, abagore hamwe n’abana barabomoye ku nguvu uruhome rw’abaporisi ba Mexike, bituma abasirikare ba Amerika ku rundi ruhande barasa ivyuka bikoroza amosozi, mu gihe kajugujugu z’Amerika nazo zariko zirakizura ikirere. Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza Reuters ryashikirije ko umushikiranganji wa Mexike w’intwaro mu gihugu hagati yavuze ko igihugu ciwe kizosubiza abo bimukira 500 bashatse gukoresha inguvu mu bihugu baje bavamwo. Ayo makuru avuga kandi ko Mexike kidategekanya kurungika abasirikare guhangana n’abo bimukira. Abimukira bashika 5,000 bava muri Amerika yo hagati, benshi muri bo bahunga ubukene hamwe n’ubwicanyi mu bihugu vyabo, bashitse mu gisagara ca Tijuana, gihana urubibe n’ubumanuko bwa reta ya California, inyuma y’urugendo rurerure bakoze baciye muri Mexike

from Voice of America https://ift.tt/2TIgIoF
via IFTTT

No comments:

Post a Comment