Abanya Etiyopiya Baba muri Yemeni Baratahukanwa Iwabo

OIM, Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, ritegekanya gutahukana abanya-Etiyopiya 418 baba muri Yemen bipfuza gutaha ku bugombe bwabo. Indege zayo zashikanye aba mbere Addis-Abeba kuwa mbere. Igikorwa kirangira kuri uyu wa kane. Intambara n’ubukene muri Yemeni ntibibuza abanyagihugu bo mu karere k’Ihembe ry’Afrika guhungirayo. Baba bagiye kurondera akazi n’ubuzima bwiza. Mu mwaka uheze, ibihumbi ijana bagiyeyo. OIM itegekanya ko abandi ibihumbi 150 bazoba bamaze kujayo muri uyu mwaka. Kiretse abanya-Etiopiya, abandi bajayo ni Abasomaliya n’abanya-Eritrea.

from Voice of America https://ift.tt/2FNUCyc
via IFTTT

No comments:

Post a Comment