Ubushinjacyaha Bwafashe 4 Bushinja Urupfu rwa Perezida Ndadaye

Mu Burundi, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yemeza ko hahagaritswe abantu bane bose bahoze mu gisirikare ca kera kugira batohozwe ku bijanye n’igandagurwa  rya Perezida Ndadaye Melchior incungu ya demokarasi ryakozwe mu mwaka w’1993.  Sylvestre Nyandwi akaba yavuze ko n’abandi bariko bararonderwa kugira ubutungane bw’Uburundi burwanye ukudahana n’ugukinga icaha nk’ico kugira ntikize gisubire mu gihugu. Abo bantu bahagaritswe mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu kugira bakorweko amatohoza. Mu gihe havugwa ko hari urubanza rwari rwaciwe, Nyandwi yavuze ko ubushikirizamanza bwasavye ko rusubirwamwo kandi ko hariho abo ubutungane bwasanze bafise uruhara muri iryo gandagurwa ariko batigeze bahagarikwa. Naho umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika atavuze amazina y’abantu bane bahagaritswe bamwe mu miryango y’abahagaritswe bemeza ko ari intwazangabo zakukurutse mu gisirikare ca kera  barimo General Celestin Ndayisaba, Colonel Niyonkuru, Colonel Gunungu Gabriel hamwe na Colonel Nahigombeye. Bose imbere yo gufatwa igipolisi kikaba cabanje gusaka ku mihana yabo ariko ntacahatowe. Ku kibazo c’uko Reta yari yashize ivy’iyo dosiye m’umurwi ujejwe gutohoza ukuri n’ukunywanisaha Abarundi CVR, Nyandwi yishuye ko umurwi CVR utabuza ubutungane bw’Uburundi  gukora. Melchior Ndadaye  yagandaguwe ku wa 21 ukwezi kw’icumi 1993 ari kumwe na bamwe mubafasha kurongora igihugu  inyuma y’amezi atatu umugambwe Sahwanya Frodebu Ndadaye yaserukiye  utsinze mu matora y’Umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka.    

from Voice of America https://ift.tt/2FFQFM2
via IFTTT

No comments:

Post a Comment