Abantu 2 Barishwe mu Ntara ya Beni muri Congo

Abantu babiri barishwe n’abarwanyi b’umuhari ADF mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya kongo, nkuko vyashikirijwe n’umutegetsi wo mur’ako gace ejo kuwa mbere, mu gihe kuri uyu wa kabiri hategekanijwe urugendo rw’amahoro rwiyamiriza ubwicanyi. Ubwo bwicanyi bwabereye kw’ibarabara Mbau-Kamango, mu buraruko bw’igisagara c’intara ya Beni, nkuko vyashikirijwe na Donat Kibwana, musitanteri muri ako karere. Abwegeka ku muhari Force Democratique Alliees, FDA mu gifaransa, umuhari wa gisirikare w’Abayisilamu wamuka muri Uganda, umaze kwica amajana y’abanyagihugu kuva mu mwaka w’2014. Kuri uyu wa kabiri, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike mu ntara ya Beni ategekanya urugendo rw’amahoro rwo kwiyamirizwa ubwicanyi bubera muri iyo ntara.

from Voice of America https://ift.tt/2FKIRIN
via IFTTT

No comments:

Post a Comment