Museveni Asaba ko Ibwirizwa Nshingiro ry'Uburundi Risubirwamwo

Umwunganizi ntayegayezwa w’umuhuza mu matati y’Abarundi, Macocha Tembele, yatangaje ko icegeranyo c’ingene ibiganiro vyagenze kuva bigitangura gushika ku bifatwa nk’ivyanyuma vyatunganijwe mu mpera z’ukwezi kwa cumi cashikirijwe umuhuza mukuru mu matati y’Abarundi, Yoweri Kaguta Museveni, ku muhingamo w’uno wa mbere. Ikinyamakuru ChimpReports co mu gihugu c'Ubuganda kivuga ko Museveni amaze kwakira ico cegeranyo yavuze ko ata wundi mukino ukwiriye kuba ku nyishu zotorerwa amatati ari mu Burundi, yongera ahanura Uburundi gushiraho ibwirizwa nshingiro ryumvikanyweko n’imirwi yose. Uburundi bugengwa n’ibwirizwa nshingiro rishasha ryatowe mu kwezi kwa gatanu, abatavuga rumwe na Reta bakomeje kuvuga ko badashigikiye co kimwe n’abari mu mashirahamwe adakiranira inyungu za politike. Ku bw’ikinyamakuru ChimpReports, umuhuza Benjamin Mkapa mu gushikiriza icegeranyo ciwe yavuze ko ari hamwe Reta yo kurikiza inzira zose ziri muri ico cegeranyo yubahirije ubwigenge bw’imigambwe n’ivyiyumviro vy’impande zose ata cobuza ko amahoro agaruka mu Burundi . Bitegekanijwe ko Perezida Yoweri Kaguta Museveni wa Uganda akaba ari nawe muhuza mukuru mu matati y'Abarundi ashira ahabona ibiri muri ico cegeranyo bikigizwe ibanga mu nama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afurika y’ubuseruko itegekanijwe mu mpera z’uku kwezi kwa 11. Iyo nama ni nayo izotanga umwanzuro wa nyuma w’ingene gutatura amatati mu Burundi bigiye kugenda. Iyo nama ata gihindutse izoba mu mpera z’uku kwezi kwa cumi na rimwe. Mu kiganiro umuvugizi w'umuhuza Benjamin Mkapa, Machocha Tembele, yahaye Ijwi ry'Amerika yavuze ko ata kinini yovuga kuvyo Museveni yavuze akironka icegeranyo ciwe kuko atari we amuvugira.      

from Voice of America https://ift.tt/2DAGS77
via IFTTT

No comments:

Post a Comment