Turukiya Hari ivyo Kikinengwa ngo Ciyunge n'Ubumwe bwa Buraya

Umubonano wo ku rwego rwo hejuru hagati y’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya na Turukiya yabereye ku murwa mukuru Ankara yaranzwemwo no kutumvikana, naho yari yitezwemwo gutera intambwe mu migenderanire hagati y’izo mpande zibiri. Iyo nama y’ibiganiro vya politike bwabaye ubwa mbere iba mu mezi cumi n’umunani. Komiseri w’Ubumwe bwa Bulaya ajejwe imigenderanire n’amakungu, Federica Mogherini, hamwe na Komiseri ajejwe kwagura uwo muryango, Johannes Hahn, baganiriye ejo kuwa kane n’umushikiranganji wa Turukiya ajejwe imigenderanire n'amakungu, Mevlut Cavusoglu. Ariko ukutumvikana nikwo kwaranze iyo nama hagati ya Turukiya n’Ubulayi, aho Mogherini abona ko Turukiya ihungabanya demokarasi, mu kuvuga ko uwo muryango uhangayikishijwe n’ipfungwa ry’abigisha bo mu za kaminuza hamwe n’indongozi z’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Kandidatire ya Turukiya yo kwinjira mu muryango w’ubumwe bwa Bulaya imaze imyaka irenga cumi yaradindijwe na bimwe mu bihugu vya Bulaya bidashigikiye uyo mugambi, kumvo z’ihungabanywa ry’agateka ka muntu muri Turukiya hamwe n’izindi mvo.

from Voice of America https://ift.tt/2TxK4WK
via IFTTT

No comments:

Post a Comment