USA: Irani Nticerekanye Ibirwanisho vy'Ubumara

Igihugu ca Irani nticerekanye ubushobozi bwose gifise bw’ibirwanisho vy’ubumara ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kugenzura ivyo birwanisho riri i Lahaye, nkuko vyemejwe mu masezerano n’amakungu. Ivyo vyashikirijwe na ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika mur’iryo shirahamwe ku musi wa kane. Ambasaderi Kenneth Ward yabwiye iryo shirahamwe mpuzamakungu ko Irani itashize ahabona aho ikorera bombe ziterwa n’indege kandi yagumanye porogaramu zikora ibisasu birimwo ubumara cabujijwe n’amakungu. Ntaco Irani kiravuga kuri ivyo cagirizwa na ambasaderi Ward, vyiyongera ku cuka kibi cari kihasanzwe na Washington ku bijanye na porogaramu za Nikleyeli za Irani, iterabwoba hamwe n’uruhara gifise mu ntambara muri Siriya. Ivyo birego vya Ward bishikirijwe mu gihe Perezida Donald Trump, yakuye Reta zunze ubumwe z’Amerika mu masezerano ya Nikleyeli amakungu yumvikanyeko na Irani muri 2015, hamwe n’urukurikirane rw’ibihano yagiye arafatira ico gihugu.

from Voice of America https://ift.tt/2FBj0CV
via IFTTT

No comments:

Post a Comment