Arabiya Sawudite mu Nzira yo Kwimwa Ibirwanisho Bituruka muri Amerika

Sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yemeje ku bwinshi ibwirizwa riyiha uburenganzira bwo kubandanya yiga ku nteguro y’itegeko igamije kurangiza imfashanyo igisirikare c’Amerika giha urunani mpuzamakungu rurongowe na Arabiya Sawudite ruriko rurarwana muri Yemeni. Benshi mu bashingamateka, Abarepublikani n’abademokrate ntibahagaritswe umutima gusa n’amakuba iyo ntambara muri Yemeni yateye mu banyagihugu, ariko batewe ishavu n’uko perezida Donald Trump adashaka guhana ubutegetsi bwa Arabiya Sawudite mu kuba bwarishe umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi. Ibitero vy’indege birongowe na Arabiya sawudite ku ba Houti barwanya reta ya Yemeni bikorwa n’ibirwanisho bigurirwa muri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Bimaze kwica ibihumbi vy’abanyagihugu muri Yemeni, bisambura amavuriro kandi bisambura imihana yose. Reta zunze ubumwe z’Amerika ziratanga kandi amakuru ajanye n’iperereza kuri urwo runani.

from Voice of America https://ift.tt/2r9EPQ2
via IFTTT

No comments:

Post a Comment