Cadi na Uganda Birashimagizwa mu Kwigisha Abana b'Impunzi

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ejo ku musi wa kabiri ryarateye akamo gasaba ibihugu gushira mu mashule impunzi hamwe no kuzifasha kwinjira mu buzima bw’ibihugu zatsemwo indaro. Ryarongeye rirashimagiza igihugu ca Cadi hamwe n’ica Uganda ko bikenye, yamara ko vyatanze akarorero keza. Abana b’impunzi bashika imiliyoni zine barataye amashule mu mwaka w’2017, nk’uko ibiro vy’igisata ca ONU kijejwe indero n’inyigisho UNESCO, bibitangaza. Ivyo ngo bisigura ko n’ivyo bihugu vyakiye izo mpunzi, vyahemutse ku mugambi wo kwinjiza izo mpunzi mu buzima bw’ibihugu zirimwo. Ingwano hamwe n’izindi ntureka vyaratumye abanyagihugu imiliyoni 68 n’igice, bata ingo zabo mu mwaka w’2017. Benshi muri bo bahungiye mu bihugu vyabo hagati, mu gihe abandi imiliyoni 25, bahungiye mu bindi bihugu. Mu mwaka w’2016, abategetsi bo mu bihugu bikomeye vyo kw’isi, barafashe icemezo mu nama yabereye mu gisagara ca New York muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kivuga ko abana b’impunzi bose bazoca bashirwa mu mashure, bakimara gushika mu bihugu batsemwo ubuhungiro. Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe indero n’inyigisho bivuga ko abana basavye ubuhungiro mu gihugu ca Australia, bataronse uburenganzira bwo kuja mw’ishule mu buryo bushimishije. Yamara, abana b’abaRohingya bashizwe mu mashule atandukanye n’amashule abandi banyeshule bajamwo mu gihugu ca Bangladesh.

from Voice of America https://ift.tt/2Kn3v0d
via IFTTT

No comments:

Post a Comment