Isirayeli na Cadi Bizunga Imigenderanire

Igihugu ca Isirayeli uyu musi ku wa kabiri catangaje ko gisubiye kwunga imigenderanire n’igihugu ca Cadi, yari yahagaze mu mwaka w’1972. Iyo nkuru itangajwe inyuma y’aho Prezida wa Cadi, Idriss Deby, akoreye urugendo rw’imisi ibiri rutari rwitezwe I Yeruzalemu muri iyi ndwi. Cadi kigwiriyemwo abaisilamu benshi kandi ibihugu vyinshi vy’abaislamu ntibifise imigenderanire na Israyeli. Ibihugu bitari bike vyo muri Afrika ntivyashatse kugira imigenderanire na Isirayeli kuva aho cigaruriye intara zo muri Palestine mu mwaka w’1967. Yamara  reta ya Netanyahu irabandanya kunagura imigenderanire n’ibihugu vyo muri Afrika.

from Voice of America https://ift.tt/2DQoKGm
via IFTTT

No comments:

Post a Comment