Uburusiya Burondera Kurongora Igiporisi Interpol

Igiporisi mpuzamakungu Interpol kiri mu bihe kiregwa ko kigira gishirwe muri politike n’Uburusiya, mu gihe ico giporisi kiriko kirarondera uwuzoba umuyobozi waco mushasha, nkuko bishikirizwa n’ababikurikiranira hafi mu Burusiya. Umutegetsi akomeye mu giporisi c’Uburusiya ni umwe mu bakandida babiri baharanira uburongozi bw’ico giporisi kigenzura ibiporisi vyose kw’isi, mu matora ategekenijwe kuri uyu wa gatatu i Dubai. Uwutsindira iryo tora azosubirira Umushinwa Meng Hongwei, yapfungiwe i Beijing mu kwezi kw’icenda yagirizwa ibiturire. Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo yashikirije ejo kuwa kabiri ko Amerika ishigikiye UmunyaKoreya y’epfo, Kim Jong Yang ko ari we arongora ico giporisi mu gishingo c’umurusiya, Major-General Aleksandr Prokopchuk. Prokopchuk, asanzwe arongoye ibiro vya Interpol mu Burusiya ni we aboneka ko afise amahirwe menshi yo gutorwa kurongora ico giporisi mpuzamakungu. Uburusiya bwagirizwa ko mu myaka iheze bwakoresheje Interpol mu guhiga abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

from Voice of America https://ift.tt/2FI9kqe
via IFTTT

No comments:

Post a Comment