Pakisitani Iriyamiriza Ubutegetsi bwa Perezida Trump

Abategetsi ba Pakistani catumyeko uno musi ku wa kabiri icegera ca ambasaderi wa Amerika muri ico gihugu. Ni mu ntumbero y’ukwiyamiriza icese ivyatangajwe na Prezida Donald Trump ko bahaye indaro umutegetsi mukuru w’umurwi al-Qaida, Osama Bin Laden. Ivyo naho Amerika yahaye Pakistani imiliyoni n’imiliyoni y’amadolari y’imfashanyo. Umunyamabanga ajejwe imigenderanire wa Pakistani, Tehmina Janjua, yabwiye uwunganira ambasaderi wa Amerika, Paul Jones, ko ivyatangajwe na Prezida Trump bitagira ishingiro, kandi ko Pakistani idashobora kuvyihanganira. Tehmina Janjua yibukije Amerika ko intererano ya Pakistani mu bijanye n’ugusangira amakuru y’iperereza ari yo yatanze ivyemezo vyo mu ntango kuho Osama Bina Laden yari ari. Ni irya mbere igihugu ca Pakistani cemera ku mugaragaro ko cagize uruhara mu gufasha Amerika kumenya aho Osama Bin Laden yari ari n’ukumwica mu mwaka w’i 2011. Gushika ubu abategetsi ba Pakistani bagumye bavuga ko inzego z’igihugu zijejwe umutekano zitari zizi ko Osama Bin Laden yari mu gihugu. Ntibashimishijwe n’uko Amerika yagize igitero mu kibanza Osama Bina Laden yarimwo batabanje kubibamenyesha.  

from Voice of America https://ift.tt/2OS5GJS
via IFTTT

No comments:

Post a Comment