ONU Itangaza ko Abantu 48 Bishwe muri Centrafrika

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje uno musi ku wa mbere ko abantu 48 bishwe mu gutana mu mitwe hagati y’abarwanyi bagizwe ahanini n’Abaksristu n’Abayislamu mu gisagara ca Alindao mu ndwi iheze. Igitigiri c’abapfuye cari catangajwe imbere yaho cari 37 harimwo abapadiri 2. Ubwo bwicanyi bwabaye ku musi wa kane, igihe abarwanyi b’Abakristu bazwi kw’izina rya anti-Balaka batana mu mitwe n’abarwanyi b’asbayislamu bo mu murwi UPC. Amasanamu y’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, yerekanye ibiziga vy’abantu bahiye. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, yatangaje ku musi wa gatandatu ko ugutana mu mitwe guherutse kuba kwatanguwe n’abarwanyi bo mu murwi UPC. Abantu barenga ibihumbi 20 baravuye mu zabo kubera uruhagarara n’ubwicanyi nkuko bitangazwa n’ishirahamwe ONU.

from Voice of America https://ift.tt/2PGCg6Q
via IFTTT

No comments:

Post a Comment