Kongo Yarekuye Abantu 17 Bakanguriraga Abandi Gutora

Abategetsi muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo barekuye vy’agateganyo abantu 17 baharanira demokrasi. Bari bahagaritswe ku murwa mukuru, Kinshasa kw’italiki 1 y’ukwezi kw’icumi na rimwe. Abo bantu 17 bagizwe ahanini n’abanyeshure bagirizwa ko bahungabanije amahoro kandi bagararije ubutegetsi. Ni mu gihe Kongo iriko yitegurira amatora azoba kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na kabiri. Bari bapfungiwe mw’ibohero rikuru ryo ku murwa mukuru Kinshasa. Baragararije gufungura kugira barekurwe. Abo bantu bariko basaba abanyekongo gutora bidafatiye ku bwoba. Uwuburanira abo bantu 17 avuga ko batafashwe nabi igihe bari mu mvuto. Amenyesha yamara ko batashobora kwiyoga kandi badyama hasi kw’isima. Atangaza ko bategerezwa kubonana na muganga kubera uburyo bari bapfunzwemwo butari busanzwe.

from Voice of America https://ift.tt/2qSyMz4
via IFTTT

No comments:

Post a Comment