Perezida Trump Aragabisha Abazotera Igisagara ca Idlib

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika aragabisha ibihugu vya Siriya, Uburusiya na Irani kudakora ikosha mu kugaba ibitero mu ntara ya Idlib iri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi bwa Siriya. Ni mu butumwa yanditse kuri uyu wa mbere akoresheje urubuga rwa Twitter. Trump avuga ko mugihe ivyo bihugu vyokora ivyo bitero, abantu baharurwa mu bihumbi amajana bashobora kuhasiga ubuzima, kandi ingaruka zizoba mbi kurusha. Kuri uyu wa mbere kandi igihugu ca Irani cashikirije ko citeguye gufasha mu bitero muri Siriya kugira igisagara ca Idlib kiri mu buraruko bushira uburengero, gisigaye kigenzurwa n’abarwanya reta ya Siriya congere kigaruke mu minwe ya reta kandi abakora iterabwoba bahanagurwe. Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Mohammad Javad Zarif ejo kuwa mbere yaragize urugendo i Damas muri Siriya kubonana na mugenzi we muri Siriya hamwe na Perezida Bashar al-Assad.

from Voice of America https://ift.tt/2LSPOoY
via IFTTT

No comments:

Post a Comment