Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarashoboye gutunganya ibiganiro vyashitse ku guhagarika intambara yari imaze indwi mu murwa mukuru wa Libiya, Tripoli. Iryo tangazo ryo kuwa kabiri ryashikirijwe inyuma y’aho abategetsi ba Libiya bashikirije ko abapfuye mur’uko gutana mu mitwe bashika kuri 61, abandi batari bake bakomeretse. Reta zunze ubumwe z’Amerika, Ubwongereza, Ubufaransa n’Ubutaliyano barashima ayo masezerano yo guhagarika intambara, bagahamagarira impande zirwana kwirinda gukora ivyo vyose vyoza bisubiza inyuma ayo masezerano. Mwomenya ko izo ntambara zatanguye i Tripoli kw’itariki ya 27 z’ukwezi kwa munani, inyuma y’aho umuhari witwaje ibirwanisho ufise ikirindiro i Tarhouna, ku birometero 65 mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru, ugabiye igitero ku wundi muhari bisanzwe bidacana uwaka. Abahuza ba ONU batangaje ejo kuwa kabiri ko ikibuga c’indege c' Tripoli gishobora kuzosubira kwugururwa ariko nta gihe batanze.
from Voice of America https://ift.tt/2MOOgBN
via IFTTT
No comments:
Post a Comment