ONU Ivuga ko Ifise Urutonde rw'Abagirizwa Ivyaha Bikomeye mu Burundi

Umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku vyaha vyoba vyarakozwe mu Burundi kuva mu 2015, wavuze ko mu Burundi habandanya gukorwa ubwicanyi ndengerabutungane, ugufata ku nguvu abakenyezi, kuboreza igufa abatavuga rumwe n'ubutegetsi, no kunyuruza  abantu baheza bagatabwa mu nzuzi, mu mashamba no mu binogo rusangi. Umupfasoni Françoise Hampson ari mu bagize uwo murwi yavuze ko bafise   ivyemezo vy’uko ayo mabi akorwa na rumwe mu rwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi "imbonerakure", rubitumwe n’ubutegetsi, rimwe na rimwe rugafatikanya n'inzego z’igipolisi canke abakozi bo mw’iperereza. Umushikiranganji ajejwe ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi, Martin Nivyabandi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko icegeranyo c’uwo murwi ata gaciro Reta igiha. Nivyabandi asigura ko imvugo z’abo bahinga ku Burundi zitigera zihinduka.  Muri ico  cegeranyo uwo murwi wasohoye kuri uno wa gatatu, wanavuze ko urajwe ishinga n’amajambo yo gucanishamwo Abarundi akunzwe gukoreshwa na bamwe mu bategetsi barimwo perezida Pierre Nkurunziza n'abari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.  Jean Claude Karerwa Ndezako avugira perezida w’Uburundi mu kiganiro yahaye itororokanirizo  ry’amakuru y’Abafaransa, AFP,  yamara yamiririye kure ivyo vyagiriji. Ku bwa Karerwa, nta nvugo nimwe ya Nkurunziza icanishamwo canke ihamagarira abantu mu nzanko. Uwo murwi wa ONU uriko utohoza ku mabi yakozwe mu Burundi  watangaje ko uza waragize urutonde rw’abakekwa kuba barakoze ivyo vyaha kandi ko  witeguriye  gukingira amasura no gushikiriza urwo rutonde impande zitandukanye zirajwe ishinga n’ico kibazo. Mu gihe ikiringo wari warahawe co gukora amatohoza kizoherana na k'uno kwezi kw'icenda, abawugize basavye ko bo kongerwa umwaka kuko ivy'agateka ka zina muntu mu Burundi  bicifashe nabi.     

from Voice of America https://ift.tt/2wOnv6r
via IFTTT

No comments:

Post a Comment